Ahavuye isanamu, PA Media
- Umwanditsi, Joshua Nevett
- Igikorwa, Political reporter
-
Reta y’Ubwongereza iriko iragiranira ibiganiro n’Ubufaransa ku kungene abimukira bajabutse bava muri ico gihugu hakoreshejwe ubwato buto buto bosubizwayo.
Ku ruhande rwabo na bo, Ubwongereza bwokwemera kwakira abimukira bakurikije amategeko binjiye muri ico gihugu basanzeyo imiryango yabo.
Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwabwiye BBC ko uwo ari umugambi wo kugeragerezako ku “muntu umwe ku wundi hagati y’ivyo bihugu bibiri”, ufise intumbero yo guca intege ababafasha kujabuka.
Aba ‘Conservateurs’ bavuga ko ingingo y’umugambwe w’aba ‘Travailliste’ yo guhagarika kurungika abimukira mu Rwanda yagabanije inguvu umugambi wo kugwanya abimikura badakurikije amategeko.
Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe gutwara abantu n’ibintu Lilian Greenwood avuga ko reta iriko iraganira n’Ubufaransa ku kibazo c’abimukira ariko nta co avuga ko hashobora kuba umwumvikano wo kubirukana.
Yabwiye Sky News ati:”Ndemeza ko hariko haraba ibiganiro biriko birabandanya na reta y’Ubufaransa ku kungene hohagarikwa uru rudandazwa rw’abantu ruteye isoniruba ruciye muri Manche.”
Ibiganiro hagati y’Ubwongereza n’Ubufaransa vyavuzwe ubwa mbere n’ikinyamakuru The Financial Times.
“Ico Ubufaransa bushaka ni uguca intege abimukira n’ababafasha kugerageza kuja mu Bwongereza bavuye mu Bufaransa,” uko ni ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bw’Ubufaransa bwabwiye BBC.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko uwo muambi ushobora guca inzira y’amasezerano yo gusubiza abimukira inyuma iyo baje bava mu bihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.
Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji agira ati:”Uwo mugambi uhagaze ku muntu umwe ku wundi: ku mwimukira umwe yemerewe kugumana n’umuryango wiwe mu Bwongereza, hazoca haba uwundi umwe atagira ivya ngombwa yajabutse Manche asubizwa inyuma.”
Mu 2023, reta y’ahahoora y’aba ‘Conservateurs’ yari yashitse ku mwumvikano wo guha Ubufaransa imiriyoni 500 z’amapawundi mu myaka itatu yo kwongereza abajejwe umutekano mu gufasha guhagarika abimukira bajabuka Manche bakoresheje amato mato mato.
Uwurongoye umugambwe w’aba ‘Conservateurs’ Kemi Badenoch avuga ko reta y’ahahora yari ifise amasezerano menshi, harimwo ayo bari bafitaniye n’Ubufaransa n’Urwanda.
Amasezerano n’Urwanda yari afise intumbero yo guca intege abimukira bajabuka Manche mu bwato buto buto bagashika mu Bwongereza mu buryo butubahirije amategeko, mu kubarungika muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika.
Ariko uwo mugambi waraburijwemwo n’abitwaye mu butungane hanyuma umugambwe w’aba ‘Travaillistes’ na wo uheba uwo mugambi imbere y’uko haba umwimukira n’umwe arungikwa mu Rwanda.
Badenoch avuga ko ingingo y’aba ‘Travaillistes’ yo guheba amasezerano n’Urwanda yadohoreye abamikura badaciye mu mategeko.
Agira ati:”Harageze ko aba ‘Travaillistes’ bareka gufata minenegwe no gufata ibintu nk’ibisanzwe kuri izo nkozi z’ikibi zijabukana abantu Manche.”
Mu 2023, umushikiranganji wa mbere Sir Keir Starmer yavuze ko yashaka amasezerano yo gusubiza inyuma abimukira mu bihugu vyose bigize ubumbwe bwa Buraya, EU/UE.
Ariko nta masezerano nkayo yigeze yemezwa kuva umugambwe w’aba ‘Travaillistes’ utahukanye intsinzi mu matora rusangi yo mu mwaka uheze.
Amasezerano n’ibihugu vya Buraya vyose ashobora kuba yari kwiyamirizwa na bimwe mu bihugu nka Hongrie yafashe ingingo ruhasha ku bimukira binjira muri ico gihugu.
Ibiharuro biheruka vy’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu vyerekana ko abimukira 705 bati mu mato 12 bashitse i Dover kuri uyu wa kabiri – igitigiri ca mbere kinini muri uyu mwaka.
Muri uyu mwaka wa 2025, bashitse ku gitigiri c’abantu 8.888, bakaba biyongereye ku rugero rwa 42% ugereranije no mu mwaka uheze muri iki kiringo nyene.
You can contact us for more informations or ads here [email protected]