Thursday, April 17, 2025
Get daily crypto news, blockchain alerts, and exclusive presale updates

Crypto ICO : UK na France bari mu biganiro vyo gusubiza inyuma abimukira baje bava muri ico gihugu


Umugwi w'abimukira uriko urajabuka uva mu Bufaransa. nt. Picture date: Umusi wa Kabiri, itariki 29 z'ukwezi kwa Myandagaro(8) , 2023.

Ahavuye isanamu, PA Media

  • Umwanditsi, Joshua Nevett
  • Igikorwa, Political reporter

Reta y’Ubwongereza iriko iragiranira ibiganiro n’Ubufaransa ku kungene abimukira bajabutse bava muri ico gihugu hakoreshejwe ubwato buto buto bosubizwayo.

Ku ruhande rwabo na bo, Ubwongereza bwokwemera kwakira abimukira bakurikije amategeko binjiye muri ico gihugu basanzeyo imiryango yabo.

Ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwabwiye BBC ko uwo ari umugambi wo kugeragerezako ku “muntu umwe ku wundi hagati y’ivyo bihugu bibiri”, ufise intumbero yo guca intege ababafasha kujabuka.

Aba ‘Conservateurs’ bavuga ko ingingo y’umugambwe w’aba ‘Travailliste’ yo guhagarika kurungika abimukira mu Rwanda yagabanije inguvu umugambi wo kugwanya abimikura badakurikije amategeko.

You can contact us for more informations or ads here [email protected]